25 Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.
zizimanganye igihugu, umuntu ntashobore kubona hasi: zizorya ivyasigaye vyakize, ivyo rwa rubura rwabasigarije, zirye n’igiti canyu cose cameze ku gahinga.
Bazokwicira ikibira caho, ni k’Uhoraho agize, naho kizitanye gite; kuko barusha inzige ubginshi, kandi badaharūrika.
Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.
Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.