24 Imbuga zizokwuzurakw ingano, n’amāto azobōgabōga vino n’amavuta ya elayo.
Ariko mweho, yemwe misozi y’i Bgisirayeli, muzohūrika amashami yanyu, mutengengere ivyo gutunga abantu banje b’Abisirayeli; kuko bagira baze.
Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.
Maze kur’ uwo musi, imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi dutembe amata, kand’ imigezi yose y’i Buyuda izosendanisha amazi; kand’ isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu.
Kand’ ico gihugu kizokwimbuka, muzokwama mu gahimbo, mube muri co amahoro.
Muzorya ibigugu vyahitikiranye, kandi muzodaha ibihitira kugira ngo mubone aho mwimburira ivyeze.
Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, umurimyi azogerekerana n’umwimbuzi, n’umukānyi w’inzabibu agerekerane n’ūbiba imbuto; kand’ imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi twose tuzisendanishe.
Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.