Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:23
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire abasavyi bawe icaha cabo, ari bo bantu bawe b’Abisirayeli, ubarangire inzira nziza bakwiye kujana, urekurire imvura mu gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe kw ishamvu.


Namba yoba kumwe n’umumarayika, Ari we mushikirwa umwe mu gihumbi, Wo kumenyesha umuntu ukw akwiye kugenza;


Ni yo ibirungika, ari bga nkoni ihanisha igihugu cayo, Cank’ ar’ uguhesha umugisha.


Ivyo niyumvira biyiryohere: Nanje nzokwama nnezererwa Uhoraho.


Yorosa ijuru ibicu, Itegura imvura ngw igwe kw isi, Imeza ubgatsi ku misozi.


Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.


Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje, Umutima wanje uhora umwizigira, ngatabarwa: Ni co gituma umutima wanje unezerwa cane, Kandi nzomutazirisha indirimbo yanje.


Yemwe mwa bagororotsi, munezererwe Uhoraho, muhimbarwe: Yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu y’umunezero.


Iyo baciye mu mwonga witwa Marira, bawuhindura ahantu h’amariba, Mber’ imvura y’intasuro iwambika imigisha.


Mu nyonga h’umwami iyo hakeye haba ubugingo, Kandi gutonesha kwiwe ni nk’igicu kigwa imvura y’ agatāsi.


kandi ni mwakikamira i buryo cank’ i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’ Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.


Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.


Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Nta ho bīvuganya mu mitima, bat’ Enda twubahe Uhoraho Imana yacu, ni yo iduha imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, nk’ukw ibihe bihaye ibindi; ni yo itugerera amayinga yashinzwe yo kwimburiramwo.


Abahungu b’igikundiro b’i Siyoni, abāri bameze nk’ izahabu nziza, Ewe kuntu bagereranywa n’ imibindi y’imibumbano, igikorwa c’amaboko y’umubumvyi!


Nzoziha umugisha hamwe n’uturambi duherereye ku musozi wanje; kandi nzorekura imvura mu gihe cayo; hazogwa imvura ihesha umugisha.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


nuko nanje nzogenda mbarekurira imvura mu bihe vyayo, n’ igihugu kizogenda cimbuka ivyimburo vyaco, n’ibiti vyo mu ndimiro bizokwama bitengengere.


Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.


Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima.


Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.


igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, kugira ngo mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyelayo yanyu y’amavuta.


Uhoraho azobugururira ijuru, ari ryo bubīko bgiwe buninahaye, ngw ahe igihugu canyu imvura mu gihe cayo, ahezagire n’ibikorwa vyanyu vyose; amahanga menshi azoza kubagurāna, ariko mweho ntimuzoja kuyagurāna.


Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.


Ibisigaye bene Data, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira ben’ ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ