22 Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye.
Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi.
Ukugororoka kwawe guhwanye n’imisozi miremire y’ Imana, Amateka yawe ameze nk’ amazi maremare yo mw idamba. Uhoraho, ni wewe uzigama abantu n’amatungo.
Wandagara ku miyonga yo mu bugaragwa: Imisozi igakenyera umunezero.
Imikuku yambaye imiyonga, Imyonga yeramw’ impeke zirayitwikira; Isemerezwa n’umunezero ikaririmba.
Isi irimbuka ivyimburo vyayo; Imana, ni yo Mana yacu, izoduha umugisha.
Kuko jewe Uhoraho namaze Siyoni umubabaro; namaze umubabaro imisaka yaho yose, kand’ ubugaragwa bgaho nabugize nka Edeni, n’ubgeranyange bgaho nabugize nk’itongo ryanje, jewe Uhoraho; hazobonekamw’ umunezero n’uguhimbarwa, bo n’ishimwe n’ijwi ry’inanga.
Nzokikimvya ivyama ku biti biribga, n’uburumbuke mu mirima, kugira ngo mwoye gusubira kuba igitutsi mu mahanga c’uko muhoramw’ inzara.
Bazovuga, bat’ Iki gihugu cahoze ar’ imisaka gihindutse nka rya tongo ryari muri Edeni; kand’ ibisagara vyari bicitse amatongo n’imisaka bigasanganguka, none bikikijwe inzitiro, bibamw’ abantu.
Ariko mweho, yemwe misozi y’i Bgisirayeli, muzohūrika amashami yanyu, mutengengere ivyo gutunga abantu banje b’Abisirayeli; kuko bagira baze.
none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’ abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?
ico gihe cose, uwaja ku kirundo c’ impeke c’ingero mirongwibiri yasangamw’ icumi gusa; n’uwaja ku bgato bga vino ngw akūremw’ inzato mirongwitanu yasangamwo mirongwibiri gusa.
Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.
Nuk’ ūzitera nta co amaze, cank’ ūzivomera, atar’ Imana ikuza.