Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ewe gihugu, nta co utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk’ Uhoraho yakoze ibihambaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:21
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.


Mana, ukugororoka kwawe gushika hejuru kure: Ni wewe wakoze ibikomeye, Mana, ni nde ahwanye nawe?


Inzūzi ni zikome amashi, Imisozi n’iririmbishirizwe icarimwe n’umunezero,


Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti.


ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Muririmbe, mwa majuru, kuk’ Uhoraho abikoze; wa bgina bg’isi usemerere; ni muturike muririmbe, mwa misozi mwe, nawe kibira, n’igiti cose kirimwo: kuk’ Uhoraho yacunguye Yakobo, kand’ azokwihesha icubahiro muri Isirayeli.


Nta co utinya, kuk’ utazotētērwa; ntumāramāre, kukw isoni zitazokwica; kuk’ uzokwibagira isoni wagize mu buto bgawe, n’umugayo wo mu bupfakazi bgawe ntuzowibuka ukundi.


Muzovayo muri n’umunezero, muzorōngōra amahoro muvayo: imisozi n’uturambi bizoturika biririmbire imbere yanyu, ibiti vyose vyo mw ishamba bizokoma amashi.


ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.


Kandi kur’ uwo musi nzokwitaba ijuru, ni jewe Uhoraho mbivuze, na ryo ryitabe isi,


Ariko ba bansi b’i burārūko nzobabashira kure, ndabahindire mu gihugu c’ikigatwa c’akāhebge, ab’ imbere mbasuke mu kiyaga c’i burasirazuba, ab’ inyuma mu c’i burengerazuba; kand’ umunuko wabo uzoduhuka, bo n’agacūku k’ibore ryabo na ko n’uko, kuko bākoze ibihambaye.


Kandi muzorya, mute akabi, muhimbaze izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakoreye ibitangaza: kand’ abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.


ni ko no mur’ iyi misi ngabiye kugirira neza Yerusalemu n’inzu ya Yuda: nuko ntimutinye.


Enda bariritsa ivyo mu misi yahise, mutarabaho, muhēreye ku musi Imana yaremeyek’ umuntu mw isi, muhēreye no ku mpera y’ ijuru mukageza ku yindi, yuko higeze kubah’ igihwanye n’iki kintu gikomeye, canke ko humvikanye igihwanye na co.


Nuko none hagarara murābe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere yanyu.


Ariko gusa, ni mwubahe Uhoraho, mumukorere mushize igikonyo, bivuye mu mutima; murābe ivyo yabakoreye ingen’ ar’ ibihambaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ