Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko ba bansi b’i burārūko nzobabashira kure, ndabahindire mu gihugu c’ikigatwa c’akāhebge, ab’ imbere mbasuke mu kiyaga c’i burasirazuba, ab’ inyuma mu c’i burengerazuba; kand’ umunuko wabo uzoduhuka, bo n’agacūku k’ibore ryabo na ko n’uko, kuko bākoze ibihambaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:20
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hazayeli aramwishura, ati Mbega nkanje umuntu w’imbga, n’inda n’indesho, nd’ uwo gukora ibikomeye ben’ ivyo? Elisa aramwishura, at’ Uhoraho yanyeretse k’uzoba umwami w’i Siriya.


Ni koko, Uhoraho yadukoreye ibikomeye, Natwe turanezerewe.


Uhoraho ahindura umuyaga uva i burengerazuba, w’igihuhuta gikomeye cane, utwara za nzige, uzisuka mu Kiyaga Gitukura: ntihasigara na rumwe mu gihugu cose ca Egiputa.


Abishwe babo bazoshiburirwa hirya, umunuko w’imivyimba yabo uzoduhuka, imisozi izojegeshwa n’ ibitenga vy’amaraso yabo.


Urubibe rw’i burasirazuba ruzoba Yorodani, hagati y’i Hawurani n’i Damasiko n’i Gileyadi n’igihugu c’i Bgisirayeli; muze mugere muhereye ku rugabano rw’i burārūko mushitse ku kiyaga c’i burasirazuba. Urwo ni rwo rubibe rw’i burasirazuba.


Nabateje ikīza nk’icateye muri Egiputa: imisore yanyu nayicishije inkota, nnyaga amafarasi yanyu; natumye umunuko ur’ aho mushagaje ubinjira mu mazuru: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


Kandi kur’ uwo musi amazi y’ubugingo azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura.


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ahantu hose muzokandagiza ibirenge hazoba ahanyu; urugabano rwanyu ruzohēra ku bugaragwa rushike i Lebanoni, ruhēre no kuri rwa ruzi, ari rwo Efurate, rushike ku kiyaga c’i burengerazuba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ