Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:2
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yibgira mu mutima, ati Nta kizonsegenyesha; Kugeza ibihe vyose sinzokwigera mpīndāna.


Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko.


Zirasenyuka ziza mu gihugu ca Egiputa hose, zigwa mu gihugu iyo kiva kikagera; zar’ icago gikomeye cane: uhereye kera hose ntihigeze kubah’ inzige nk’izo, kandi ntihazokwongera kuboneka izingana na zo.


Zizokwuzura ingoro zawe, n’inzu z’abanyarugo bawe bose, n’iz’ Abanyegiputa bose: izo ba so na ba sogokuru batigeze kubona, uhereye igihe babereyeho, ukageza n’ubu. Nuko Mose arahindukira, ava imbere ya Farawo.


Nukw abantu baguma ngaho aho bahagaze kure, ariko Mose yegera wa mwiza w’umuzitanya ah’ Imana iri.


Kur’ uwo musi bazobabomboranira hejuru nk’ukw ikiyaga kibomborana: kand’ uwokwitegereza ico gihugu yobona har’ umwiza n’ivyago, kand’ umuco uzimanganijwe n’ibicu bihubikije.


bazokwitegereza no kw isi, basange har’ ivyago n’umwiza n’umubabaro ubīriraniyeko: maze bazohindirwa mu mwiza w’umuzitanya.


Muheshe Uhoraho Imana yanyu icubahiro, atarazana umwiza, ibirenge vyanyu bitaratsitarira ku misozi icuze umwiza; namwe muciteze umuco akawuhindura igitūtu c’urupfu, akawugira umwiza w’umuzitanya.


Hanyuma hahise imisi myinshi, Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uje kuri Efurate, ukūreyo wa mukanda, umwe nakubarira kunyegezayo.


Yemwe mwese abīhitira, mbega nta co murushe muvyibazako? Enda ni mwitegereze, murābe ko hoba umubabaro uhwanye n’uyu wanje wanshitseko, Uwo Uhoraho yambabarishije ku musi w’uburake bgiwe bg’inkazi.


Igihe nzokudorongeza, nzotwikira ijuru, n’ inyenyeri ntume zicura umwiza; izuba nzoritwikiriza igicu, kand’ ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo.


Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.


Nuk’ uzodūga, uje nk’ikirura, uzoba nk’igipfungu cubikije mu gihugu, mwe n’ingabo zawe zose, n’amahanga menshi muri kumwe.


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Maz’ ishitsa amajambo yayo yatuvuzeko twe n’abacamanza bacu bātuganza, aho yaduteza ivyago vy’ ubugesera; kuko musi y’ijuru hose ata higeze kugirirwa nk’uko Yerusalemu hāgiriwe.


Kukw ihanga rikomeye kandi ry’isinzi riteye igihugu canje; amenyo yabo ni nk’imikāka y’intambge, kandi bafise amajigo nk’ay’ intambge y’ingore.


Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Kwiginagura kwabo, wumva umengo n’uguhinda kw’imikogote y’intambara ikwegwa n’amafarasi ku mpinga z’imisozi, kand’ umengo n’uguhinda kw’imbeya z’umuriro zitōngōra ibirararara; bameze nk’ ingabo z’inkomezi zitonze urugamba mu ntambara.


Mbega twapfuye iki, ga yemwe ab’i Tiro n’i Sidoni, namwe ababa mu ntāra zose z’i Bufilisitiya? None har’ ico munyīhōra? Erega namba mugomba kunyīhōra, ukwo kwīhōra kwanyu nzonyarutsa vuba kukubasubiza ku mitwe.


Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.


Kur’ uwo musi ntihazoba har’ umuco utamanzuye, ntihazoba n’ ikibūnda:


Kuko mur’ iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.


Kukw iyo misi izoba iy’ amarushwa atigeze kubaho, kuva kw itanguriro ry’ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n’ubu, kand’ atazokwongera kubaho.


Ni mwibuke ibihe vya kera, Mwiyumvire uk’ urunganwe rwagiye rukūranwa mu myaka yashize. Bibaze ba so, barabibamenyesha, N’abo hambere, barabibabarira.


Ntimwegereye umusozi wokorwako, waka umuriro, kandi ntimwegereye umwiza w’umuzimagiza n’uw’ umuzitanya, n’igihuhuta,


n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.


Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ