19 Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga.
Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.
Nzozimereza umuyigwe w’agahagarika, kandi ntizizosubira kumarwa n’inzara mu gihugu, canke gutēterezwa n’abanyamahanga ukundi.
Kandi sinzokundira agashinyaguro k’abanyamahanga ko wongera kwumva kakugarutseko, cank’ ibitutsi vy’amoko ko bisubira kukuzako, kand’ ihanga rikubamwo ntuzosubira kuritsitaza ukundi, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Kandi nzobakiza ibibanduza vyose, mbahurumbirize ingano ndazikikimvye, kandi sinzobatēza inzara.
Nzokikimvya ivyama ku biti biribga, n’uburumbuke mu mirima, kugira ngo mwoye gusubira kuba igitutsi mu mahanga c’uko muhoramw’ inzara.
canke ngo nongere kubahisha mu nyonga hanje; kuko nzoba nasutse Mpwemu wanje ku nzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.
Kandi kur’ uwo musi nzokwitaba ijuru, ni jewe Uhoraho mbivuze, na ryo ryitabe isi,
isi na yo yitabe ingano na vino n’amavuta, na vyo vyitabe Yezireli.
Imirima irononekaye, n’igihugu kiraganya; kukw amasaka yononekaye, na vino z’umubira zikamye akagīrīre, kand’ amavuta ya elayo na yo aherengeteye.
Imbuga zizokwuzurakw ingano, n’amāto azobōgabōga vino n’amavuta ya elayo.
Igihe canyu c’isekura kizorinda gishitsa mw iyimbura ry’inzabibu, iryo yimbura na ryo ririnde rishitsa mw ibiba: muzokwama mu gahimbo, mwībēre mu gihugu canyu ata nkomanzi.
Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.
Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.
igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, kugira ngo mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyelayo yanyu y’amavuta.
Bukeye avana hasi n’abakazana biwe, kugira ngw ave mu gihugu c’i Mowabu asubire i wabo: kuko yari yumvise ari mu gihugu c’i Mowabu yuk’ Uhoraho yagendeye abantu biwe, akabaha ivyo kurya.