18 Maz’ Uhoraho agirira ishaka igihugu ciwe, agirira ikigongwe abantu biwe.
Kuko muri Yerusalemu hazosokoroka amasigarira, no ku musozi Siyoni have abārokotse: ishaka ry’Uhoraho rizoshitsa ivyo.
Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, Ni k’Uhoraho akagirira abamwubaha.
Arikw imbabazi Uhoraho agirira abamwubaha zahereye kera hose, zikazoshitsa ibihe vyose, Kand’ ukugororoka kwiwe kuzoshitsa no ku buzukururuza babo;
Kuko muri Yerusalemu hazosokoroka amasigarira, no ku musozi Siyoni have abārokotse: ishaka ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rizoshitsa ivyo.
Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.
Abanyamahanga bazokwubaka inzitiro zawe, n’abami babo bazogukorera; kuko nagukubise ndatse, ariko nkugiriye imbabazi ndagutunze.
Tereza inyonga hasi uri mw ijuru, witegereze ur’ i wawe, ah’ ukwera kwawe n’icubahiro cawe biri: rya shaka ryawe n’ibikorwa vyawe vy’ubushobozi biri hehe? Igishika n’imbabazi umfitiye ko bibujijwe kunshikīra!
Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.
Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.
N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera:
Nuk’ umumarayika twavugana arambarira, ati Semerera uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Yerusalemu n’i Siyoni ifūhe ryinshi.
rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Siyoni ifūhe ryinshi, mpafūhiye mfise uburake bginshi.
Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira.
Bayiteye kugira ifūhe kubgo gusaba imana z’inyamahanga, Bayirakishije ibizira bakoze;
Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.
Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo, Kukw abāvishije amaraso y’ abasavyi bayo izoyabahōra, Kand’ izokwihōra abarwanizi bayo, Itangire impongano igihugu c’abantu bayo.
Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.
Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.