Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 mukoranye abantu, mweze ikoraniro, mwegeranye abatāma, mukoranye abana n’abakiri kw ibere; umukwe n’asohoke mu nzu yiwe, n’umugeni n’ave mu nkinga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:16
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw Abayuda bose bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho, bari kumwe n’utwana twabo duto‐duto, n’abagore babo, n’abana babo bakuze.


arababarira, ati Ni muntege amatwi, yemwe Balewi; enda ni mwiyeze, mweze n’ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu, mukūre ibihumanya Ahēra Cane.


kuko mur’ iryo koraniro hāri benshi batiyejeje, bituma Abalewi ari bo bagerwa kubāgira umwagazi wa Pasika umuntu wese ahumanye, kugira ngo babēreze Uhoraho.


at’ Uhoraho, ari we munyabuntu, n’aharire umuntu wese ashize umutima ku kurondera Imana, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza, nah’ atejejwe nk’ukw ivyagezwe vy’urusengero rwera biri.


Muheze mubabāgire ivya Pasika, mwiyeze, abo bagenzi banyu mubibategurire, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yatumye Mose.


Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.


Rimeze nk’umukwe asohoka ava mu nzu i we, Rinezerwa nk’umunyenkomezi ryiruka mu nzira yaryo.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Abarira abantu, at’ Umusi ugira gatatu uz’ ushike mwiteguye, kandi ntihaze hagire uwegerana n’umugore.


Kandi n’abaherezi na bo, basanzwe bīgira hafi yanje, jewe Uhoraho, ni biyeze, kugira ngo simbatsindeho.


Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.


baramubaza, bat’ Urumva ivyo bavuga? Yesu arabishura, at’ Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ ishimwe?


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu.


Va hasi, ubgire abantu biyeze, ut’ Umusi w’ejo uz’ ushike mwiyejeje, uti Ni we nyene abivuze, Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ngo Yemwe Bisirayeli, muri mwebge harih’ ivyagizwe inyegu yiwe; uti Ntimugishobora guhagarara imbere y’abansi banyu gushitsa mubikūye muri mwebge.


Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.


At’ Ego me n’amahoro; nzanywe no gushikanira Uhoraho ikimazi. Nuko ni mwiyeze, muze tujane kur’ ico kimazi. Kandi yeza Isayi n’abahungu biwe, abahamagara kuza kur’ ico kimazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ