Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:14
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arabishura, ati Nka ko, umwana akiriho narisonzesheje ndarira, nti Sinzi, kumbure Uhoraho yongirira imbabazi, umwana agakira.


Kumbure Uhoraho azorāba ayo mbonye, ampe ivyiza mu gishingo c’iyo mivumo mvumwe uyu musi.


Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo yose ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.


Bukeye bgaho, Mose abarira abantu, ati Mwakoze icaha gikomeye; none ngira ndūge nje k’ Uhoraho, kumbure nobona ingene mbatangira impongano kubg’ icaha canyu.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’ukw ihando ry’umuzabibu riboneka ko ririmw’ umutobe, bakavuga, bati Ntuwurandure, kuk’ ugifise ikimazi, uko ni ko nanje nzogira, kubg’ abasavyi banje, noye kubarandura bose.


maz’ iryo hanga navuzeko ryohindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera.


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


Kumbure bohava bumva, umuntu wese agahindukira akareka inzira yiwe mbi, ngo nanje mbone kwigarura, ndeke ibibi mmaramaje kubakorera kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyabo.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu?


Amafu y’amashikanwa n’ibiturire vyabuze mu ngoro y’Uhoraho; abaherezi, ari bo basuku b’Uhoraho, basigaye baganya.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Nuk’ umukuru w’ubgato aja ah’ ari, aramubaza, ati Wabaye ute ga wa gikazatiro we? Vyuka wambaze Imana yawe; kumbure Imana yodusubizak’ umutima, ntidupfe.


Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Mbega har’ imbuto zikiri mu bigega? Mbere n’umuzabibu n’umusukoni n’umukomamanga n’umwelayo ntibikiruha vyama; arik’ uhereye iri zuba nzobaha umugisha.


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


None rero n’umpe uriya musozi Uhoraho yavuze wa musi. Ico gihe wumvise kw ar’ah’ Abanaki, kandi ko bahafise ibisagara binini‐binini bizitijwe inzitiro z’amabuye; kumbure Uhoraho azoba kumwe nanje, ndabaneshe nk’uko yambariye.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ