Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:12
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Dawidi amaze guharūra abantu, yumva umutima umukubita. Abarira Uhoraho, ati Nācumuye cane ku vyo nakoze; ariko none, Uhoraho, ndakwinginze, kūrah’ ibigabitanyo vyanje, jewe umusavyi wawe, kuko nakoze ivy’ ubujuju rwose.


Nukw intumwa zijana ivyete bivuye ku mwami n’abaganwa biwe, zibikwiza mu Bgisirayeli hose no mu Buyuda, zivuga nk’uk’ umwami yashinze, ziti Yemwe Bisirayeli, ni mugaruke k’Uhoraho Imana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we agaruke kuri mwebge abasigaye barokotse abami b’i Ashuri.


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire abasavyi bawe icaha cabo, ari bo bantu bawe b’Abisirayeli, ubarangire inzira nziza bakwiye kujana, urekurire imvura mu gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe kw ishamvu.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Abisirayeli, uti Mur’ ihanga ritagonda izosi; uti Yogendera hagati muri mwebge n’akanya isase, yobatikiza: uti Nuko rero ni mwiyambure utugenegene twanyu two gushaza, kugira ngw amenye ukw abagirira.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Rāba ico mwisonzeshereza n’amahāne n’ imitongano no gukubitana ibipfunsi vyo kugiriranira nabi; ereg’ ukwisonzesha kwanyu kwo mur’ iyi misi si kwo kwotuma ijwi ryanyu ryumvikana mw ijuru.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


Kumbure bokwitwara k’Uhoraho, bagahindukira, umuntu wese akareka inzira yiwe mbi: kuk’ uburake n’ubushangashirwe, ivyo Uhoraho yabūye kur’ ubu bgoko, ar’ ibihambaye.


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Efurayimu n’Umunyakanani, umunzane w’ibinyoma uri mu kuboko kwiwe: akunda guhendana.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


kandi ngo babonane n’abaherezi bo mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo n’abavugishwa n’Imana, bababaze, bati Mbega dukwiye kwama turira mu kwezi kwa gatanu, twigungiye ukwacu, nk’uko twabigenza mur’ iyo myaka yose ukw ingana?


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


Enda rero, ni mwinginge Imana idutunge, itugirire ikigongwe, kukw ivyo vyabaye kubganyu: mbega nyene, hari n’umwe muri mwebge yokwemerera ko babonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amaze kubgira Abisirayeli bose ayo majambo, abantu baraturikisha bararira.


Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ