Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:11
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arasa imyampi yiwe, ashwiragiza abansi banje, Arekura imiravyo myinshi, abaca umuhongo.


Abanyamahanga bavugije urwamo, ibihugu vy’abami biravuguswe; Ivuze ijwi ryayo, isi irashonga.


Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, Uhērewe ingabire hagati y’ abantu: Mbere uzihērewe hagati y’ abagarariji na bo, kugira ng’ Uhoraho Imana abane na bo.


Umve ukwo guhinda kw’igugu ku musozi, nk’ukw’ igitero gikomeye! Umve urwo rwamo rw’amahanga y’abami akoraniye hamwe! Uhoraho Nyen’ ingabo arikw arakoranya ingabo azitegurira intambara.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Kur’ uwo musi Uhoraho azohamagaza uruhwa isāzi ziri ku mpera z’inzūzi zo muri Egiputa, n’inzuki zo mu gihugu c’i Ashuri.


Nuko rero, ubabūrire ayo majambo yose, ubabgire, ut’ Uhoraho azokwivuga ari mw ijuru, avuge n’ijwi rirenga ar’ ahiwe hēra; umukuku wiwe azowutontomera; azovuza akāmo, nk’ak’ abakānya inzabibu, akavugirije ababa kw isi bose.


Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.


Arik’ Umucunguzi wabo arakomeye: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe; azobītsa mu manza zabo, kugira ngw ahe isi kuruhuka, arikw atere ababa i Babuloni imitima ihagaze.


Mbeg’ umutima wawe uzoshobora kwihangana, cank’ amaboko yawe azokomera, mu misi nzobikubaza? ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzobikora.


Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Kukw ihanga rikomeye kandi ry’isinzi riteye igihugu canje; amenyo yabo ni nk’imikāka y’intambge, kandi bafise amajigo nk’ay’ intambge y’ingore.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.


Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Muzobona ibara, yemwe abifuza umusi w’Uhoraho! Mbeg’ uwo musi w’Uhoraho muwugombera iki? Erega n’umwiza s’umuco!


Mbeg’ umusi w’Uhoraho ntuzoba umwiza? Mugira ng’uzoba umuco? Mber’ uzoba umwiza w’umuzitanya, utagira n’agaseso.


Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi, uziye amahanga yose: uko wagize ni k’uzogirirwa; ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe.


Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.


Yongera kuvugishwa, at’ Emwe n’ibara! Ni nde azoshobora kubaho, igihe Imana izokora ivyo?


Kuk’ Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’ abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka;


ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.


kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ