Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.
Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.