Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Amafu y’amashikanwa n’ibiturire vyabuze mu ngoro y’Uhoraho; abaherezi, ari bo basuku b’Uhoraho, basigaye baganya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 1:9
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko tweho, Uhoraho ni we Mana yacu, kandi ntitwamuvuyeko; kand’ abaherezi b’ Uhoraho dufise n’abo kuri Aroni, n’Abalewi baracari ku mabango yabo.


Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.


Ariko mweho muzokwitwa abaherezi b’Uhoraho, abantu bazobita abasavyi b’Imana yacu: muzorya itunga ry’abanyamahanga, ivyār’ icubahiro cabo ni mwebge muzovyirata.


Ivyo ni vyo bindiza; amaso yanje, amaso yanje yisuka amosozi; Kuk’ uwompūmurije akandemesha umutima ambaye kure: Abana banje barapfapfanye, kuk’ umwansi yanyigamvye.


Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.


Ntibazosukira Uhoraho ibiturire vya vino, kand’ ibimazi vyabo ntibizomuhimbara: ivyo kurya vyabo bizobabera nk’ibiryazagu vy’abagandaye; abazobiryako bose bazoba bahumanye; kukw ivyo kurya vyabo bizoba ivyo kubīmarira ipfa gusa, ntibizokwinjira mu ngoro y’Uhoraho.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu?


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ