Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Bononye umuzabibu wanje, kand’ umusukoni wanje barawuvunnye, barawushishuye rwose, bawutsinda hasi; amashami yawo asigaye ar’ igihororo c’imitonore.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 1:7
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akubita imizabibu yabo n’ insukoni zabo, Avunagura ibiti vyo mu gihugu cabo.


Zirasenyuka ziza mu gihugu ca Egiputa hose, zigwa mu gihugu iyo kiva kikagera; zar’ icago gikomeye cane: uhereye kera hose ntihigeze kubah’ inzige nk’izo, kandi ntihazokwongera kuboneka izingana na zo.


Zizimanganya igihugu cose, bituma igihugu gicura umwiza; zirya icameze cose mu gihugu, n’ivyamye ku biti vyose, ivyo rwa rubura rwashigaje: mu gihugu cose ca Egiputa ntihasigara ikintu na kimwe gitotahaye, naho coba igiti cank’ ikindi cose cameze ku gahinga.


Umutobe wa vino uriganyira, uruzabibu rurahondobereye, ab’ umutima w’umunezero bose bazokwitsa umutima.


Bazokwishishitira bababajwe n’amatongo yabanezereza, n’imizabibu yaregeza.


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


Nzobanzura rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta nzabibu zizoba zikiba ku muzabibu, cank’ insukoni ku musukoni, n’ibibabi bizokabirana; kand’ ibintu nabahaye bizobavako.


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


Umuzabibu urakabiranye, umusukoni urahondobereye; umukomamanga bo n’ikigazi n’umucungwa, mbere n’ibiti vyose vyo mu ndimiro birakabiranye: kuk’ umunezero uherengeteye mu bantu.


Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ