6 Kukw ihanga rikomeye kandi ry’isinzi riteye igihugu canje; amenyo yabo ni nk’imikāka y’intambge, kandi bafise amajigo nk’ay’ intambge y’ingore.
Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.
Har’ urunganwe rw’abantu, amenyo yabo ni nk’inkota, n’ibijigo vyabo ni nk’imbugita, Ngo batsontsomere impahazwa bazimare mw isi, n’ aboro babamare mu bantu.
Mu gihugu c’abantu banje hazomera amahwa n’imikēre; mbere bizomera no ku mazu yose banezererwamwo yo ku murwa w’umunezero;
kand’ azosēndēra ashike i Buyuda: azosendanisha ahahitane, ashike no mw izosi ry’umuntu; kandi gusanza amababa kwiwe kuzokwira igihugu cawe cose, yewe Imanuweli.
Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.
Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.