20 Mbere n’ibikōko vyo mw ishamba bihuzagirika ari wewe bitumbereye: kukw imigezi yakamye, kand’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange.
Igihe kiragera uwo mugezi urakama, kukw ata mvura yagwa mur’ ico gihugu.
Maze Ahabu abarira Obadiya, ati Genda ugendure igihugu cose, ahantu hose har’ amariba y’amazi, no ku myonga yose; kumbure twobonay’ uturemba two gukiza amafarasi n’ inyumbu, kugira ngo binanage, ntitubure vyose.
Ni nde aronderera igikōna ivyo kurya, Igihe ivyana vyaco bitakambira Imana, Biyererezwa no kubura ico birya?
Imigunza y’intambge iroherana igomba ico yofata; Ku Mana ni ho ironderera ivyo kurya vyayo.
Vyose biguhanga amaso, Nawe ukabigaburira ivyo kurya vyavyo igihe kigeze.
Igaburira ibitungano ivyo kurya vyavyo, N’ivyana vy’ibikōna vyayagura.
Kubg’ isi yāse imigāga, kukw ata mvura igikoroka mu gihugu, abarimyi baramāramāra, bitwikira mu mutwe.
Abavugishwa n’Imana ba kera bānyitangiye imbere bakakwitangira imbere nawe, bāvugishijwe ivy’ intambara n’ivy’ ivyago n’ivy’ ikīza bizotera ibihugu vyinshi n’ibihugu vy’ abami bahambaye.
Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.