19 Ewe Uhoraho, ni wewe ntakambiye: kuk’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange, kand’ ibirimi vyawo vyaturiye ibiti vyose vyo ku misozi.
Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.
Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.
Kubg’ isi yāse imigāga, kukw ata mvura igikoroka mu gihugu, abarimyi baramāramāra, bitwikira mu mutwe.
Maz’ igihugu gica cononekara, kuko Isirayeli yabaye vyenywe mu busambanyi bgiwe, agasambana n’amabuye n’ibigegene.
Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.
Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?
Umuriro ugenda urayigiza imbere yabo, kand’ inyuma yabo hasigara harāka ibirimi vyawo: imbere yabo igihugu kimeze nka rya tongo ryo muri Edeni, na ho inyuma yabo hasigara ar’ ubugaragwa bg’ibitongozi; eka nta wuzobakira.
Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.
Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.
Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.
Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,
None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?