Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 1:18
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ahabu abarira Obadiya, ati Genda ugendure igihugu cose, ahantu hose har’ amariba y’amazi, no ku myonga yose; kumbure twobonay’ uturemba two gukiza amafarasi n’ inyumbu, kugira ngo binanage, ntitubure vyose.


Maz’ umwami Salomo hamwe n’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye imbere yiwe, bahagararana na we imbere y’iyo sandugu, batanga intama n’inka kw ibimazi zitoharūrwa canke ngo zimenyekane igitigiri kuko zar’ isinzi.


Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.


Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.


Mbere n’ibikōko vyo mw ishamba bihuzagirika ari wewe bitumbereye: kukw imigezi yakamye, kand’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


Ni co gituma ata n’akame ijuru rikibarekurira, n’isi ikabima ivyimburo vyayo.


Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ