Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 1:14
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yehu aravuga, ati Mushinge ikoraniro ry’agahebuza rya Bayali. Nuko bararitāngāza.


Nukw Abayuda bose bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho, bari kumwe n’utwana twabo duto‐duto, n’abagore babo, n’abana babo bakuze.


Kandi Ezira abasomera igitabo c’ivyagezwe vy’Imana umusi n’ umusi, uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka. Bāmaze imisi indwi bagira imisi mikuru; ku musi ugira umunani haba ikoraniro ry’agahebuza nk’ukw ivyagezwe bivuga.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


I Buyuda haraboroga, amarembo yaho arihebuye, bicara hasi biraburaniwe; gutaka kw’i Yerusalemu kugiye hejuru.


Maze mu mwaka ugira gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icenda, abantu bose b’i Yerusalemu n’abantu bose bavuye mu bisagara vy’i Buyuda baja i Yerusalemu, bashinga umusi wo kwisonzeshereza imbere y’Uhoraho.


Ati Ni mwumve ibi, yemwe batāma, kandi mutege amatwi, namwe ababa mu gihugu mwese! Mbega har’ ibimeze nk’ibi vyigeze kubaho mu bihe vyanyu, canke mu bihe vya ba sogokuruza?


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi, uko bukeye muze munshikanire ibimazi bitōngōrwa n’umuriro; umusi ugira umunani muze muwugire uwo gukorana kwera: muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro: rize ribe ikoraniro ry’agahebūza; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.


arikw abantu ni bambare amagunira, n’ibitunzwe babiyapfuke, baheze bambaze Imana bakobeje, kandi bahindukire, umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri bo.


Ni mukoranire hamwe, mbere ni mukorane, yewe hanga ritagira isoni;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ