Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 1:13
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co catumye Dawidi yinginga Imana kubg’ uwo mwana, akisonzesha, akinjira mu nzu agakesha ijoro arambaraye hasi.


Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Ariko mweho muzokwitwa abaherezi b’Uhoraho, abantu bazobita abasavyi b’Imana yacu: muzorya itunga ry’abanyamahanga, ivyār’ icubahiro cabo ni mwebge muzovyirata.


Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Turikisha uboroge, mwana w’umuntu, kukw ibanguriwe abantu banje, ibanguriwe abaganwa bose b’Abisirayeli: bagerewe inkota hamwe n’abantu banje: shirako wishishitire.


kandi bazokwimosha inkomvorera kubgawe, bakenyere amagunira, bakuririre batuntuye mu mitima baboroga cane.


Kandi bazokenyera amagunira, ubgoba bubatwikire, kandi mu maso ha bose hazogira ibitētērwa, no ku mitwe ya bose hazoba inkomvorera.


Mbega muzogira mute, ku musi mukuru washinzwe, no ku musi w’ikoraniro ry’Uhoraho?


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


Amashikanwa y’ibiturire agendana na vyo az’ abe aya: irigendana n’ imasa yose rize ribe vino itīmbānye iyo ngero ya hini, iryo kur’ iyo mpfizi y’intama rize ribe ikigira gatatu ca hini nyene, iryo ku mwana w’intama wose rize ribe ikigira kane c’iyo hini; ivyo bize bibe ikimazi co kwoswa uk’ ukwezi kubonetse, ukw amezi yo mu mwaka angana.


Umwana w’intama umwe muze muwutange mu gitondo, uwundi ku mugoroba;


Ishikanwa ry’ibiturire muzohora mushikanana n’umwana w’intama umwe‐umwe, rize ribe ikigirakane ca hini nyene; iryo shikanwa ry’ ibiturire bihiye munshikanira, muze murivyagize Ahēra.


Muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa gihora gitangwa iy’ ukwezi kubonetse, hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, vyongerwe no kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, bo n’ amashikanwa y’ibiturire agendanye n’ivyo vyose, nk’uko bishinzwe; bibe umubabge umota neza, ikimazi gitōngōrwa n’umuriro nshikaniwe jewe Uhoraho.


Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’ abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana.


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


N’abakozi ba Kristo? (Mvuga nk’umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero: kenshi nari mw irinde ry’urupfu.


ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’ impwemu: kukw ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, arikw impwemu ihesha ubugingo.


Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago,


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ