Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura “Uwatumwe”). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 9:7
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.


Uhoraho ni we ahumūra impumyi; Uhoraho ni we yēmesha abahetamye; Uhoraho ni we akunda abagororotsi;


Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?


Amaso y’ababona ntazoba agihwihwisha, kand’ amatwi y’abumva azokwumviriza neza.


Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa.


ng’ uhumūre impumyi, ng’ usohore imbohe mw ibohero, n’abicaye mu mwiza ngo bave mu nzu y’imbohe.


Sohora impumyi zifise amaso, n’ibipfamatwi bifise amatwi.


at’ Ubu bgoko ko bganse amazi ya Shilowa atemba buhoro, bakanezerezwa na Rezini na mwene Remaliya,


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?


Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Mbeg’ uyo yahumūye amaso y’impumyi, ntiyoshoboye kubuza uyo ngo ntapfe?


Na we arabishura, ati Wa muntu yitwa Yesu yavurunze utwondo, atunsīga ku maso, arambgira, ati Ja kuri Silowamu wiyuhagire; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumūka.


Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi.


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ