Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 9:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Baramwishura, bati Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha? Bamuhindira hanze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 9:34
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramubgira, bati Va ngaho! Bat’ Uru rugabo rw’inyakamwe, rwaje ar’ inyambukira, none rwīgize umucamanza! None rero turakugirira nabi birenze uko twari kugirira abo. Basunika Loti cane, begera urugi ngo barusāvye.


Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.


Ni nde yoshobora gukūra ikintu gitunganye mu canduye? Erega nta wuriho n’umwe.


None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?


Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, Mu vyaha ni ho mama yamvyariye.


Aramwishura, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? Mbeg’ ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa? Mose aratinya, arivuganya, ati N’ukuri vyaramenyekanye.


Sohora umucokoranyi, imitongano na yo irasohoka, Mber’ ugurtyozanya n’agatētereza bica bishira.


Ni wabona umuntu yirata kw afise ubgenge Umenye kw igipfu copfanirwa ikizigizigi kuruta uyo.


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


bakavuga, bati Hagarara ukwawe, ntunyegēre, kuko jewe nkurusha kuba uwejejwe. Ben’ abo bambera umwotsi wo mu mazuru, n’umuriro wīriza umusi waka.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Umwe mu bigisha ivyagezwe aramwishura, ati Mwigisha, k’uvuze urtyo, natwe uradututse.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Ndababgire ukuri: Ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto ntazobginjiramwo na gatoya.


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


Mukora ibikorwa nk’ivya so. Baramubgira, bati Twebge ntitur’ ibivyarwa: dufise Data umwe, n’Imana.


Abigishwa biwe baramubaza, bati Mwigisha, ni nde yakoze icaha, n’uyo, canke n’abavyeyi biwe, ko yavutse ar’ impumyi?


Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.


Yesu yumvise ko bamuhindiye hanze, aja kumurāba, aramubaza, ati Mbega wizeye Umwana w’Imana?


Bamwe mu Bafarisayo bāri kumwe na we bumvise ivyo, bati Mbega natwe tur’ impumyi?


Arikw abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.


Twebge mu kameremere kacu tur’ Abayuda, ntitur’ abanyavyaha bo mu banyamahanga.


Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’ imibiri yacu, tugakora ivy’ imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose.


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’ akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu, kandi ntagarukiza kur’ ivyo gusa, arik’ ubgiwe ntiyākīra bene Data, n’ababigomba arababuza, akabaca mw ishengero.


Har’ ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera.


kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ