Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 9:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Maz’ Abayuda ntibemera ivy’ uwo, yuko yamye ar’impumyi, agaheza agahumūka, kugeza aho bāhamagariye abavyeyi b’uwahumūtse,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Abakuru b’Abayuda baranse kwemera ko yahora ari impumyi none akaba yakize, kugeza batumyeko abavyeyi biwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 9:18
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Ni nde yemeye inkuru zacu? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?


Aramubgira, ati Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’ umuntu yozuka mu bāpfuye.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?


barababaza, bati Mbeg’ uyu n’umwana wanyu, mwebge muvuga ko yavutse ar’ impumyi? None yahumūtse ate?


Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ