Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 9:16
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi hārimw’ umuntu anyunyutse ukuboko. Baramubaza, bati Mbega birēmerwa gukiza kw isabato? Ngo baronke uko bomurega.


Abafarisayo babibonye, baramubgira, bati Mbeg’ abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw isabato!


Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.


Abayuda bongera kumupfa kubg’ ayo majambo;


Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera kubg’ ibikorwa ubgavyo.


Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Abayuda batanakw ibirake, bat’ Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?


Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.


None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye?


Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ar’ impumyi, baramubgira, bati Ni wubahe Imana, twebge tuzi yuk’ uwo muntu ar’ umunyavyaha.


Arikw abantu bo mur’ ico gisagara bīrema ibice, bamwe baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ