Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Mukora ibikorwa nk’ivya so. Baramubgira, bati Twebge ntitur’ ibivyarwa: dufise Data umwe, n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Mwebwe mukora nk’ivyo so akora.” Na bo baramwishura bati: “Twebwe ntituri abana b’ibivyarwa. Imana ubwayo ni yo Data.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:41
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ uz’ ubarire Farawo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Isirayeli n’umwana wiwe w’imfura:


Kuko wewe uri Data wa twese, naho Aburahamu atatuzi, kandi na Isirayeli ntatwemere: wewe ubgawe, Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.


Ariko noneho, Uhoraho, uri Data wa twese; tur’ ibumba, nawe ur’ umubumvyi wacu; twese tur’ igikorwa c’ intoke zawe.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.


Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Mwebge mur’ abana b’ Uhoraho Imana yanyu: ntimukikebagure ku mibiri yanyu, canke ngo mwiharanguze ibimwerere mu bitwariro kubg’ ūpfuye.


Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ