Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:34
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nta wundi yigeze kwīgira umugurano wo gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi nka Ahabu, yavyohejwe n’umwamikazi wiwe Yezebeli.


Umunyavyaha, ukugabitanya kwiwe bgite ni kwo kuzomufata, Azodunuzwa n’ingoyi z’icaha ciwe.


Ndababgire ukuri, Gushitsa ah’ ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Kuko mbona yuk’ uri mw ibamba ry’umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya.


None rer’ icaha ntikikabe ku ngoma mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza.


Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo kumwumvira, mur’ abagurano b’uwo mwumvira uwo? Namba mur’ abagurano b’icaha kizana urupfu, cank’ abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka.


Kandi tumenye iki, yuk’ umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ng’umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha:


Kuko tuzi yukw ivyagezwe ar’ ivy’ impwemu; ariko jewe nganzwa n’akameremere kanje, naguriwe kuba umugurano w’icaha.


Imana ishimwe, kubga Yesu Kristo Umwami wacu. Nuko jewe mu mutima wanje njakariye ivyagezwe n’Imana, ariko mu kameremere njakariye ikingera c’icaha.


kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ