Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


Banteye ibitugu mu gishingo co kuntumbera, naho nabahanūra nkāma nzindurwa no kubahanūra, yamara ntibanyumviye ngo babishire ku mutima.


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?


Imisi yose Yesu yirirwa mu rusengero yigisha, ariko bgira, agasohoka, akaja kurāra ku musozi witwa Elayono.


Abantu bose bakazindukira kuri we mu rusengero kumwumva.


Azinga igitabo, agisubiza umusanzi w’inzu, aricara; abantu bose bāri mw isinagogi bamuhanga amaso.


Atambukira mu bgato bumwe, bgar’ ubga Simoni, aramusaba ngw abgigizeyo buve ku nkombe gatoya: aricara, yigisha ishengero, ari mu bgato.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo bamuzanira umugore, afashwe asambana, bamushira hagati,


Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ