Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Na we ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wīgīre, guhēra ubu ntuz’ usubire gukora icaha.]

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Na we aramwishura ati: “Oya, nyakwubahwa.” Yesu aramubwira ati: “Nanje nta rubanza ndagucira. Niwigire ariko ntugasubire gukora icaha.”]

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:11
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.


Mwebge muca urubanza nk’abantu, jeho nta n’umwe ncira urubanza.


Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.


Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Mbega har’ uwabariye Imana, Ati Narahanwe, sinzosubira gucumura;


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


Yesu aramwishura, at’ Ubgami bganje s’ubgo mur’ iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ ubgo mur’ iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ ubgami bganje s’ubg’ ino.


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


mushikīre abaherezi, ari bo Balewi, n’ umucamanza azoba ariho mur’ iyo misi, mubibashikirize, na bo bazobamenyesha uko baciye urwo rubanza.


Muze mushireh’ abacamanza n’abashingantahe mu bisagara vyanyu vyose Uhoraho Imana yanyu azobaha, nk’ukw imiryango yanyu iri; baze bacire abantu imanza ziroranye.


Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.


Mpūriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Mbega si mwebge mucira urubanza abo muri mwebge?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ