5 Kuko na bene nyina na bo batāmwizera.
5 Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.
Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.
Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.
Bene nyina bamaze kudūga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we aradūga, ntiyibonekeza, arikw agenda nk’uwomba.
Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;
kukw ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana. K’ukora ivyo, ni wiserure mu b’isi.