Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:31
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ishengero ryose rirumirwa, riti Mbeg uyu yoba wa mwana wa Dawidi?


Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.


Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,


kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.


Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?


Benshi mu Basamariya bo mur’ ico gisagara bamwizera kubg’ amajambo ya wa mugore, yavuze ashinga intahe, at’ Ambariye ivyo nakoze vyose.


Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.


Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubgira. Mbega harya abakuru bemeye vy’ ukuri k’uyo ari we Kristo?


Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.


Na Simoni na we arizera, kand’ amaze kubatizwa yāmana na Filipo: abonye ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye vyakorwa, arūmirwa.


Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ