Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubgira. Mbega harya abakuru bemeye vy’ ukuri k’uyo ari we Kristo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Raba, ariko aravuga ku mugaragaro, kandi nta co bamugize. None abakuru boba bemeye vy’ukuri ko ari we Kristo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:26
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Ntazodendebukirwa, ntazocika intege, gushitsa ah’ azoshingira amateka mw isi; ababa ku kiyaga bazokwitega ivyagezwe vyiwe.


Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu:


Pilato akoranya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abantu,


arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.


Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Hār’ umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemo, yar’ umukuru wo mu Bayuda;


ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?


Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica?


Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?


Har’ umukuru n’umwe yamwizeye, cank’ Umufarisayo?


Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ