Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:17
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nakurondeje umutima wanje wose; Ntukunde ko mpusha ngo mve mu mabgirizwa yawe.


Umuntu yubaha Uhoraho ni nde? Azomurangira inzira akwiye guhitamwo.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Abantu babi ntibatahura ibiroranye, Arikw abarondera Uhoraho batahura vyose.


Kukw ikidambidambi n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abagororotsi bo, asangiye ibanga na bo.


Kandi hazobay’ inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira Yera. Abanduye imitima ntibazoyicamwo, arikw izoba iy’ abantu biwe. Abayicamwo, naho hobamw’ ibijuju, ntibazozimira.


Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Itara ry’umubiri n’ijisho. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Arik’ ūkora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.


N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ ab’ Imana.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ