Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu adūga mu rusengero, arigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Bukeye ku musi ugira kabiri muze mutange amamasa y’imikangara cumi n’abiri, n’impfizi z’ intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga;


Bukeye ku musi ugira gatatu muze mutange amamasa cumi n’ imwe, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’ amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga;


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?


Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica,


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.


Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika.


Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero, ati Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’ uwantumye n’uw’ ukuri, mwebge ntimumuzi;


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ