Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 6:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.


Ishengero ryinshi rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bgato, yicaramwo; ishengero ryose rihagarara i musozi.


Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.


Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira.


Maz’ avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atābaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, arikw aguma inyuma yaco mu gahinga: abava hose baza kuri we.


Bababona bagenda, benshi barabamenya, bava mu bisagara vyose, barirukanga, bajana inkōkoro y’ikiyaga, babatangayo.


Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.


Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso.


Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingaho imbere yabo, ntibārushe bamwizera,


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.


Hariho n’ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y’abigishwa, bitanditswe mur’ iki gitabo.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.


Bukeye bg’aho, rya shengero ryari rihagaze hakurya y’ikiyaga, rimenye kw ata bundi bgato bgāriho atari bumwe, kandi yuko na Yesu atājanye n’abigishwa biwe mu bgato, arikw abigishwa biwe ni bo bāri bījanye:


Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.


Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ