Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yesu amubonye aryamyeho, kand’ amenye kw amaze igihe kirekire, aramubaza, ati Wumva ugomba gukira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire arwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 5:6
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iy’ umutima wanje undendebukiyemwo ni wewe umenya iminyuro yanje. Mu nzira ncamwo bantezemw’ umutego.


Nabaririkijwe n’abatānyibaza; nabonywe n’abatāndondeye; nabariye ihanga ritāmbaje izina ryanje, nt’ Ehe rāba, ndi hano.


Nabonye ibizira vyawe, ni bgo busambanyi bgawe, n’ukuroherana kwawe, ni bgo bushakanyi bg’ubusambanyi bgawe, ku misozi no ku gahinga. Uzobona ibara, ewe Yerusalemu! Ko wanse kwezwa: mbeg’ uzogeza ryari?


at’ Ugomba ko ngukorera iki? Iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwami wanje.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Hārih’ umuntu yar’ afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani.


Uno arwaye aramwishura, ati Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikīra mu kidengeri iy’amazi azīkurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ