41 Singomba gushimwa n’abantu,
41 Jewe sindondera gushimwa n’abantu,
kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.
mugabo jewe sindinda gushingirwa intahe n’umuntu; arikw ico mvugiye ivyo n’ukugira ngo mukizwe.
ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.
ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu.
Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?
Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.
Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.
Jewe sinironderera icubahiro, harih’ ūkindonderera, kandi ni we Kamaramagambo.
Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu,
Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo.
Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.
Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara.