Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe mu kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba arwaye.]

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 5:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Elisa araheza amutumako, uti Genda wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse.


Nkanyaruka, sintebe Kwitondera amabgirizwa yawe.


Amaso yawe ntuyahe itiro, N’ibigohe ntubihe guhūnyiza.


Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Maz’ arambarira, at’ Aya mazi atembera i burasirazuba, azomanuka mu kiyaya Araba, arinde ashika mu kiyaga c’umunyu; ni yashika mur’ ico kiyaga, azokiza amazi yo muri co.


Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Kandi kur’ uwo musi amazi y’ubugingo azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura.


Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi.


Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.


ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bāri barorereye kw amazi azīkuruka.


Hārih’ umuntu yar’ afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani.


Uno arwaye aramwishura, ati Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikīra mu kidengeri iy’amazi azīkurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ