Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Uno Musamariyakazi aramubaza, ati Wewe ur’ Umuyuda, non’ unsaba amazi ute, jewe nd’ Umusamariyakazi? (Ni kukw Abayuda n’Abasamariya bānēnana.)

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:9
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo cumi na babiri Yesu arabatuma ababarira, ati Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya.


Maz’ Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe:


Bun’ abigishwa biwe barashika, batangazwa n’ukw avugana n’umugore: ariko nta wavuze, at’ Urondera iki? Canke ngo Muvuganira na we iki?


Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.


Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero: asembereye mu rugo kwa Simoni umuhazi w’insāto, i ruhande y’ikiyaga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ