Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Arabishura, ati Jewe mfise ivyo kurya mwebge mutazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:32
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nta ho nasubiye inyuma ngo mve mu vyagezwe yashinze; Nashize umutima ku majambo yo mu kanwa kayo kuruta uko ndawushira ku vyo kurya bintunga.


Ewe kuntu amajambo yawe angēngēra mu māgāge! Arusha ubūki gusōsa mu kanwa kanje.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Umutima wanje uzohāzwa nk’ūriye umusokōro n’ibinure: Akanwa kanje kazogushimisha iminwa inezerewe,


Umutima wimenyera uwawo mubabaro, Kand’ umunezero wawo umunyamahanga ntashobora kuwītamwo.


Inda y’umuntu ihāzwa n’ibivuye mu kanwa kiwe, Kand’ azohāga ukugwira kwo mu minwa yiwe.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Batarashika, abigishwa baramwinginga, bati Mwigisha, enda fungura.


Abigishwa barabazanya, bati Mbega har’ uwamuzaniye ivyo kurya?


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ