26 Yesu aramubgira, ati Ni jewe nyene turiko turavugana.
26 Yesu aramubwira ati: “Jewe nyene turiko turavugana, ni jewe Kristo.”
Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.
Kandi har’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, n’ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
Har’ ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Cank’ ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza?
Maze yihanikiriza abigishwa ngo ntihagire umuntu babgira kw ari we Kristo.
Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.
Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we.