Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ba sogokuruza bacu bāsengera kur’ uyu musozi, ariko mweho mugira ngw i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ba sogokuruza basengera kuri uwu musozi, ariko mwebwe Abayuda muvuga ko ikibanza co gusengeramwo ari i Yerusalemu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:20
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aramubarira, ati Numvise ugusenga kwawe n’ukwinginga kwawe wingingiye imbere yanje; kandi nejeje iyi ngoro wubakiye izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose; nzoyihozakw amaso n’umutima na ntaryo.


Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ ibimazi vy’ishimwe, yambaza Uhoraho; Uhoraho amwishurisha kurekura umuriro, utibukira kur’ ico gicaniro yosherejekw ibimazi.


Maze Dawidi aravuga, at’ Aha ni ho nzu y’Uhoraho Imana, kand’ iki ni co gicaniro co kwoserezakw ibimazi vy’Abisirayeli.


ariko yatoranije Yerusalemu ngw izina ryiwe rihabe, atoranya na Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.


Hanyuma Uhoraho yiyereka Salomo mw ijoro, aramubarira, ati Numvise ugusenga kwawe, kandi nitoranirije aha hantu ngo habe inzu yo gutangiramw’ ibimazi.


Kuk’ ubu ntoranije iyi ngoro, ndayejeje ngw izina ryanje riyibemw’ ibihe vyose, kandi nzoyamizakw inyonga zanje n’umutima wanje imisi yose.


Kuk’ Uhoraho yatoranije Siyoni, Yahagomwe ngw ahabe.


Arikw itoranya umuryango wa Yuda, Umusozi Siyoni yakunze.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi n’ahantu ki hombera uburuhukiro?


Ntibāmwākīra, kuko yerekeje i Yerusalemu.


Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?


Maz’ Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwinjira, muze muvugire uwo mugisha ku musozi Gerizimu, kand’ uwo muvumo muze muwuvugire ku musozi Ebalu.


at’ Aba az’ abe ari bo bahagarara ku musozi Gerizimu mu guhezagira abantu, mumaze kujabuka Yorodani: Abasimeyoni, n’Abalewi, n’Abayuda, n’Abisakari, n’Abayosefu, n’Ababenyamini;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ