Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:16
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Uwo mugore aramubgira, ati Mugenzi, mpa se ayo mazi, sinze ngire inyota, kandi sinze ngaruke kuvoma ino hose.


Uwo mugore aramwishura, ati Nta mugabo mfise. Yesu aramubgira, at’ Uvuze ko, k’ugize ngo nta mugabo ufise,


kuko war’ ufise abagabo batanu, arik’ uwo ufise ubu s’umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ