Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:14
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.


Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.


kandi jewe Uhoraho nzokwama nkurōngōra, nzohāza ubugingo bgawe mu gihe c’ikigatwa, nguhe kunonoka mu magufa yawe; kand’ uzomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi, kand’ uzoba nk’isōko y’ amazi idakama.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Kuko nashubije intege mu mutima urushe, n’umutima udendebukiwe nkawuhēmbūra.


Kand’ ah’ urwo ruzi ruzoshika hose ikintu cose kizima gikunda kunyogomba mu mazi kizobona uko kibaho; kandi hazobamwo n’isinzi ry’amafi ryinshi kukw ayo mazi ashitseyo, kand’ amazi yo mu kiyaga azokira, ikintu cose kizima kibone uko kibaho ah’ urwo ruzi ruzoshika hose.


Mugabo icokorokera mw isōko canke mu rwobo rwimbiwe kubīkamw’ amazi, akadengēramwo, yo ntiyoba ahumanye; arik’ uwokora ku muvyimba wavyo wakorokeyemwo yoba ahumanye.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.


Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busāgutse.


kand’ ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?


Yesu aramwishura, at’ Ūnywa kur’ ayo mazi wese azosubira kugira inyota;


Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira; kugira ng’ ūbiba n’uwimbura banezeranwe.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.


Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw ijuru, si nk’uwo ba sogokuruza banyu bāriye, ariko bagapfa; ūrya uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose,


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ