Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 4:11
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Nikodemo aramubaza, at’ Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya.


Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ