7 Ntutangazwe n’uko nkubgiye, nti Murakwiye kuvyarwa ubga kabiri.
7 Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: ‘Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.’
Umuntu vyoshoboka bite kw aba uwera? Cank’ uwavyawe n’umugore, kw aba umugororotsi?
Ko nababgiye ivy’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababgira ivy’ ijuru?
Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.
Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu.
Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.
Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’ abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe,
Mushime Data wa twese yabashoboje kuraganwa n’abera umwandu wo mu muco;
Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;
Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.
Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.