6 Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu.
6 Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu.
Nuko Adamu amaze imyaka ijana na mirongwitatu avyara umuhungu afise ishusho yiwe, asa na we, amwita Seti.
Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.
Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.
Ni nde yoshobora gukūra ikintu gitunganye mu canduye? Erega nta wuriho n’umwe.
None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?
Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.
ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana.
Ntutangazwe n’uko nkubgiye, nti Murakwiye kuvyarwa ubga kabiri.
Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo: kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo.
Imana ishimwe, kubga Yesu Kristo Umwami wacu. Nuko jewe mu mutima wanje njakariye ivyagezwe n’Imana, ariko mu kameremere njakariye ikingera c’icaha.
Tukiganzwa n’akameremere kacu, ukwifuza kw’ivyaha kw’uburyo bginshi kwazanywe n’ivyagezwe kwakorera mu mibiri yacu, kugira ngo twamire urupfu imbuto.
Kuko namba mwitondera ivy’ akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’ umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.
Arik’ uwimatanije n’Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we.
Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.
Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.
Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’ imibiri yacu, tugakora ivy’ imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose.
Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;
Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana.