Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 3:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 3:34
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elisa, ati Nsaba ico ugomba ko ndagukorera, ntaratandukanywa nawe. Elisa aramwishura, ati Ntabara umpe imigabane ibiri y’impwemu yawe, ngw imbeko.


Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji: Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, Ikurobanuza amavuta y’umunezero ikakurutisha bagenzi bawe.


Nanje ngiri isezerano nsezeranye na bo, ni k’Uhoraho agize: impwemu yanje iri kuri wewe, n’amajambo yanje nshize mu kanwa kawe, ntibizova mu kanwa kawe, canke mu kanwa k’abuzukuru bawe, canke mu kanwa k’abuzukuruza bawe, uhereye none ugashitsa ibihe bidashira, ni k’Uhoraho agize.


Uwo ni wo mwanya wa Aroni n’abana biwe bashinguriwe ku bimazi bishikaniwe Uhoraho bigatōngōrwa n’umuriro, bāgerewe uhereye umusi barobanuriwe kuba abaherezi bo gukorera Uhoraho;


Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, amubarira amajambo, araheza yābīra ku mpwemu iri kuri Mose, ayishira kur’ abo bakuru mirongwirindwi: maz’ iyo mpwemu ibahagazeko baca bavugishwa n’Imana, ariko bagarukirizaho.


ngo Nguyu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga.


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi.


Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,


Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.


Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we.


Maze Yesu arabishura, at’ Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’ uwantumye.


Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivy’ ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize artyo.


Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ ab’ Imana.


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:


Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ