30 Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto.
30 Akwiye kurushiriza kuba mukuru, nanje nkarushiriza kuba muto.
Ni co gituma nzomugabanganya umugabane n’ abahambaye, kand’ azogabura iminyago n’abanyenkomezi; kuko yasutse ubugingo bgiwe, akageza ku gupfa, agaharūranwa n’abanyabicumuro: yamar’ ubgiwe yishizekw icaha ca benshi, kand’ asabira abanyabicumuro.
Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.
Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.
Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw isi aba ar’ uwo mw isi nyene, avuga ivy’ isi; uwavuye mw ijuru ni we asumba bose.
None Apolo n’iki? Kandi Paulo n’iki? Mbega s’abakozi batumye mwizera Imana, nk’ukw Imana yahaye umuntu wese?
Ni we mutwe w’umubiri, ni wo shengero: kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngw abe agaheta muri vyose.
Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.