Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 3:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Umuntu wese akora ibibi yanka umuco, kandi ntiyegera umuco kuko atinya ko ibikorwa vyiwe bibi bija ahabona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 3:20
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Nuko kuko bagiriye urwanko ubgenge, Ntibahitemwo kwubaha Uhoraho;


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!


Umucokoranyi ntakunda igihano, Kandi ntagendera abanyabgenge.


Ukavuga, ut’ Ewe ngo ndanka guhanūrwa, N’umutima wanje ugakēngēra guhanwa;


Umwe mu bigisha ivyagezwe aramwishura, ati Mwigisha, k’uvuze urtyo, natwe uradututse.


Bata inzira zo kugororoka, Ngo bagendere mu nzira z’ umwiza;


Ereg’ ah’ uba ni hagati mu binyoma; ibinyoma ni vyo bibankisha kummenya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Arik’ ūkora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.


Yābīra ico yakaranzeko, aratumusukira, ariko yanka kurya. Maze Amunoni aravuga, ati Bose ni bataramuke. Nuko barataramuka bose.


Na we aca avyuka mu gicugu, ankūra umwana i ruhande nsinziriye, jewe umusavyi wawe, amuryamika mu gikiriza ciwe, wa wundi yapfuye amuryamika mu gikiriza canje.


Ūteranya amaso ngo yigerere ibigoramye, Agafumbanya iminwa, ni we ashitsa ibibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ